Uko wahagera

Abanyafurika 500 Bashobora Kuba Basomye Nturi


.
.

Abimukira bagera ku majana atanu bariko bagerageza kuja mu karere k’Ubulayi bashobora kuba basomye nturi mw’ibahari Mediterane mu ndwi iheze.

Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, ryitaho impunzi, HCR ryatangaje iyo nkuru uno musi ku wa gatatu.

Hamwe iyo nkuru yokwemezwa, abantu bagera ku majana atanu bashobora kuba batakaje ubuzima bwabo igihe ubwato bunini bwibira mw’ibahari Mediterane mu gice kitazwi hagati y’ibihugu vya Libiya n’Ubutaliyano.

Umurwi w’abakozi b’ishirahamwe HCR, ejo ku musi wa kabiri, barabajije bamwe mu barokotse 41 batabawe, bajanwa ahitwa Kalamata mu gihugu c’Ubugiriki.

Abatabawe barimwo Abanyasomali 23, Abanya Etiyopiya 11, Abanyamisiri 6 n’Umunyasudani umwe.

Abarokotse babwiye ishirahamwe HCR, ko bari mu murwi w’abantu bari hagati y’ijana n’amajana abiri, baje bava mu ndwi iheze hafi y’igisagara ca Tobruk, muri Libiya mu bwato.

Inyuma y’amasaha makeyi, abarondera kubinjiza mu karere k’Ubuyali, bagerageje gushira abo bantu mu bwato bunini kurushiriza bwari butwaye abandi bantu amajana n’amajana.

Ubwo bwato bwaribiye igihe ico gikorwa cariko kiraba.

Abarokotse babwiye ishirahamwe HCR, ko bamaze hafi y’imisi itatu mw’ibahari, imbere yuko batorwa bagatabarwa ku musi wa gatandatu w’indwi iheze.

XS
SM
MD
LG