Uko wahagera

RSF: Abayobozi Bahonyora Itangazamakuru kw'Isi


Ishirahamwe riharanira uburenganzira bw’abamenyeshamakuru, “ Reporters Sans Frontieres” rimenyesha kw’iyubahirizwa ry’ubwigenge bw’itangazamakuru ryagabanutse bikomeye mu makungu.

Ishirahamwe, “Reporters Sans Frontieres” ryamanyesheje, ku wa gatatu, mu cegeranyo caryo cama gisohoka uko umwaka utashe, kw’amakungu yinjiye mu gihe gishasha ca propagande n’ukugonanwa ku vyerekeye guharira mu mwidegemvyo.

Iryo shirahamwe ritangaza ko abategetsi batari bake b’ibihugu vyo kw’isi baratinya cane abamenyeshamakuru. Bikaba bituma bakandamiza abajejwe itangazamkuru. Itangazamakuru ryigenga naryo riraremerwa n’inyungu z’amasosiyete.

Ishirahamwe, “Reporters Sans Frontieres”, rimenyesha kw’ibintu bimeze nabi kurushiriza mu karere ko muri Amerika yo mu bumanuko, bivuye bwicanyi bukorwa n’inzego za Reta, ubwicanyi bw’inkozi z’ikibi, na ruswa.

Igihugu ca Eritreya nico kiza ubwa nyuma kw’isi muri rusangi ku bijanye n’ubwigenge bw’itangazamakuru. Ikwirikirwa n’ibihugu vya Siriya, Ubushinwa na Koreya ya ruguru.

Finlande nico gihugu kiza ubwa mbere kw’isi mu bihugu vyubahiriza ubwigenge bw’itangazamakuru. Ico gihugu gikwirikirwa n’Ubuholande na Norvege.

Reta zunze ubumwe za Amerika ziza mu kibanza ca mirongo ine na rimwe.

Uburundi buza mu kibanza c’ijana na mirongo itanu na gatandatu muri uyu mwaka w’2016, buvuye mu kibanza c’ijana na mirongo ine na gatanu mu mwaka uheze w’i 2015. U Rwanda ruza mu kibanza c’ijana na mirongo itandatu na rimwe.

XS
SM
MD
LG