Uko wahagera

ISIS Iteye Ubwoba Ubulayi na Nikleyeri


Umuyobozi mukuru ajejwe kurwanya iterabwoba ku mugabane wa Bulayi aragabisha ko umugwi w’abarwanyi ba Leta ya Kiyisilamu uriko urondera ibirwanisho vya nikleyeri kugira ubikoreshe mu gutera Ubulayi.

Amenyesha ko umuhari wa leta wa Kiyisilamu uriko wigaburamwo imigwi ibiri, umugwi umwe ujejwe kwigwanira mugihe utewe, uwundi ujejwe gutegura ibitero vy’iterabwoba mu bulayi.

Uko kugabisha kuje inyuma yaho abajejwe iperereza mu Budagi no mu Butaliyano bamenyeshereje ko bafise amakuru yo kwizigira ko leta ya Kiyisilamu igamije kugaba ibitero mu bibanza vyo kwinezerezamwo ku nkengera z’ibahari mediterane.

Umutegetsi w’Ubutaliyano ajejwe umutekano yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ivyo bitero bitegekanijwe mu bibanza vyo ku nkengera z’ikiyaga mu Bufaransa, Espanye n’Ubutaliyano.

XS
SM
MD
LG