Uko wahagera

USA-Iraki: Mosul Irafatwa Mu Mpera z’Umwaka


Perezida wa Leta zunze ubumwe z’Amerika Barack Obama amanyesha ko yizeye ko mu mpera z’uyu mwaka ibikenewe vyose bizoba vyategekenijwe kugira abasirikare ba Iraki bongere kwigarurira igisagara ca Mosul kiri mu minwe y’umugwi wa leta ya Likiyilamu.

Ni mur’iyo ntumbero abandi basirikare abandi basirikate 200 biyongera kubari muri Iraki bategekanwa kurungikwa hamwe n’indege za kajugujugu kugira zifashe inteko za Iraki kufata igisagara ca Mosul.

Sekreteri wa Amerika ajejwe kwivuna abansi Ash Carter yamenyeshereje I Baghdad aho ari mu rugendo ko Amerika izotanga za Kajugujugu, ibirwanisho birungika ama roketi hamwe n’abandi basirikare barwanira ku butaka.

Carter yarabonanye na minisitiri wa mbere wa Iraki hamwe na minisitiri wo kwivuna abansi, abo bategetsi uko ari babiri barashigikiye izo mfashanyo z’Amerika.

XS
SM
MD
LG