Uko wahagera

Sudani y’Epfo: Abanyagihugu Barahunga


Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cita ku mpunzi HCR gitangaza ko imigwano yongeye kwaduka muri Sudani y’epfo mu duce twari dusanzwemwo umutekano hamwe n’ubukene bw’ibifungurwa vyatumye abanyagihugu ibihumbi bahungira mu bihugu bibanyi.

Abantu bashika imiliyoni zibiri n’ibice bitatu barataye ingo zabo kuva mu mpera z’umwaka w’2013 igihe intambara yaduka muri Sudani y’epfo. Abarenga ibihumbi 670 ubu n’impunzi mu bihugu bibanyi.

HCR itangaza ko izo ntambara nshasha zadutse zabaye umutwaro mu bihugu vyazakiriye.

Igihugu ca Etiyopiya cakiriye impunzi zishika ibihumbi 285 z’abanyasudani y’epfo. Nico cakiriye benshi kuruta ibindi bihugu bibanyi.

XS
SM
MD
LG