Uko wahagera

Abategetsi b’Ububiligi bamenyesha ko hari abandi barwanyi ba Leta ya Kiyisilamu barangije imyimenyerezo y’ibikorwa vy’iterabwoba bariko bitegura gusubira mu Bulayi.
Umuyobozi w’ikigo ca leta y’Ububiligi kijejwe guhangana n’ubwicanyi, Paul Van Tigchelt, yatangaje ko abajejwe iperereza mu Bubiligi bafise amakuru ko hari abagira iterabwoba bari muri Siriya bipfuza gusubira mu Bubiligi n’I Bulayi kugaba ibindi bitero vy’iterabwoba.

Tigchelt amenyesha ko igihugu c’Ububiligi congereje ibikorwa vyo gucungera umutekano inyuma y’ibitero vyabaye I Buruseli bihitana abashika 32.

Hagat’aho, amatohozwa kubitero vyabaye mu kwezi kwa gatatu aracabandanya mugihe umutekano ku bibuga vy’indege, ku bituro vy’ama tereni hamwe no ku nganda zirimwo ibirwanisho vya nikleyeri ucungerewe bimwe bikomeye.

XS
SM
MD
LG