Uko wahagera

Siriya: Abatari Bake Bishwe mu Bitero vy'Indege z'Ingwano


Siriya kw'ikarata
Siriya kw'ikarata

Abaharanira uburengenzira bwa politike n’agateka ka muntu muri, Siriya, bavuga ko ibitero vy’indege z’ingwano vyagizwe ku bisagara bibiri mu buraruko bushira uburengero bwa, Siriya, vyahitanye abasivile mirongo ine na bane.

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, muri Siriya, Observatory for Human Rights, ritangaza ko kw’isoko ry’imboga mu gisagara ca Maarat al-Numan, catewemwo amabome ku musi wa kabiri. Abantu mirongo ine barahasiga ubuzima.

Iryo shirahamwe rimenyesha kw’ikindi gitero c’indege z’ingwano mu gisagara co hafi yaho ca Kafranbel, mu ntara ya Idlib, cahitanye abantu bane.

Ivyo bice vyose bizwi ko vyiziziwe n’abarwanya Reta.

Ivyo bitero bikwirikiye ingwano yabaye, ku musi wa mbere, mu ntara yegereye ibahari ya Latakia, yiziziwe n’aba Alawite bashigikiye perezida Bashar al-Assad.

Abarwanya ubutegetsi bavuga koi co gitero cari ic’ukwishura ku kurenga ku masezerano y’uguhagarika ingwano, yagiye mu ngiro mu kwezi kwa kabiri, kwagizwe na Reta.

XS
SM
MD
LG