Uko wahagera

Burundi: Umugore Yiciwe mu Ngagara


Abashinzwe umutekano bavuga ko umugore umwe ni we wiciwe mu bunywero mu buraruko bw'igisagara ca Bujumbura.

Kuruyu wa mbere mw'ijoro, harumvikanye urwamo rw'amasasu n'ama gerenade mu gisagra ca Bujumbura.

Amakaritiye yumvikanyemwo ayo masasu n'ama gerenade ni Jabe muri zone Bwiza hagati mu gisagara. Ahandi humvikanye amasasu n'ama grerenade ni mu ma zone y'uburaruko muri komine ya Ntahangwa. Aho naho ni mu Ngagara, Kinama na Kamenge.

Mu Ngagara, hatewe ikirabo kiri ku metero nkeya z'ahari ikambi y'abapolisi bacunga inzego API( Appui a la protection des institutions).

Igipolisi cemeza ko hari mu gihe c'isaha zitatu n'igice aho abantu batatu bitwaje inkoho zo mu bwoko bza karashinikov n'ama gerenade batera ikirabo kizwi kw'izina ryo “ kwa Ndizeye”

Moise Nkurunziza icegera c'umuvugizi w'igipolisi avuga ko abantu bane bari muri ubwo bunywero batewe gerenade bongera bararaswa. Muribo, umwigeme umwe yitwa Belinda Munyana yaciye ahasiga ubuzima. Abo bantu bitwaje ibigwanisho baciye bahunga bagenda bivye amafaranga yose yari murico kirabo nk,uko bibandanya vyemezwa n'icegera c'umuvugizi w'igipolisi.

Gushika ubu, abakoze ico gitero ntibaramenyekana.

Ibi bitero bikurikiye ibindi bibiri vyari vyabaye mw,ijoro ryo ku musi w'IMANA.

Abantu bitwaje ama gerenade bateye ahari ubunywero bw,intwazangabo mu gipolisi messe des officiers policiers hakomereka abapolisi batatu. Ikindi gitero nk'ico muriryo joro nyene cakomerekeje abantu batandatu muri zone kinama mu buraruko bwa Bujumbura mu gihe no mu ma zone ya musaga na kanyosha mu bumanuko humvikanye amasasu ariko ataco yahitanye.

XS
SM
MD
LG