Uko wahagera

Siriya: Ibiganiro Vy’amahoro Vyarungurujwe


Umuhuza mu biganiro muri Siriya, Staffan de Mistura
Umuhuza mu biganiro muri Siriya, Staffan de Mistura

Ibiganiro vyo kugarukana amahoro vyari bitegekanijwe hagati ya leta ya Siriya n’abayirwanya ku musi wa mbere I Jeneve mu bu Suwisi ntivyabaye.

Intumwa y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU akaba ari nawe muhuza mur’ivyo biganiro, Staffan de Mistura yamenyesheje ko abarwanya leta ya Siriya bunguruje ivyo biganiro aho bagiriza leta ya Siriya kutubahiriza amasezerano yo guhagarika intambara.

Impande zose uko ari zibiri zamye zagirizanya guca kubiri n’ayo masezerano mur’aya mezi abiri aheze.

Uwo muhuza wa ONU amenyesha ko ibiganiro kuri Siriya bizobandanya kandi ko abarwanya leta bashobora kuguma I Jeneve baganira ku tubazo tujane n’ubuhinga.

XS
SM
MD
LG