Uko wahagera

Iraki: Umukomanda wa ISIS Yarishwe


Inteko zidasanzwe za Leta zunze ubumwe z’Amerika zifatanije n’abarwanyi b’abakurde bitwa Peshmerga barwanira mu buraruko bwa Iraki baragavye igitero c’indege ya kajugujugu cahitanye umu komanda w’abarwanyi ba Leta ya Kiyisilamu hamwe n’abamucungerera ubuzima babiri.

Amakuru atangwa n’abajejwe umutakano b’abo barwanyi b’abakurde amenyesha ko Salman Abd Shaib al-Jabouri, yiciwe mu modokari hafi y’ahitwa Hamam Ali, mu bumanuko bw’igisagara ca Mosul.

Ayandi makuru avuga ko inteko mvamakungu zirwanira muri Iraki zagavye ikindi gitero ku modokari yarimwo abarwanyi ba Leta ya Kiyisilamu mu buraruko bushira uburengero bwa Mosul.

Gushik’ubu ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Amerika ntaco buravuga kur’ivyo bitero.

XS
SM
MD
LG