Uko wahagera

USA: Kurwanya Zika Birihutirwa


Umuyobozi w'ikigo co muri Amerika kijejwe kurwanya indwara Dr. Thomas Frieden
Umuyobozi w'ikigo co muri Amerika kijejwe kurwanya indwara Dr. Thomas Frieden

Abasenateri ba Leta zunze ubumwe z’Amerika bo mu mugambwe w’aba Demokrate basaba bagenzi babo b’aba republika biharije inama nshingamateka y’Amerika kwemeza itegeko rigena amafaranga ashika umuliyaridi n’ibice icenda vy’amadolari yo kurwanya umugera wa Zika muri Amerika.

Abo ba senateri b’aba demokrate bidogera bagenzi babo b’aba republika ko bariko barakwega amaguru mugihe abanyamerika bashika 800 bageramiwe n’uyo mugera, harimwo abakenyezi 89 bibungenze bageramiwe cane.

Leta ya Perezida Barack Obama yatangaje mu ndwi irangiye ko ishobora kuba irikora ku miliyoni 510 z’amadolari yari agenewe kurwanya ikiza ca Ebola mu guhangana n’uwo mugera wa Zika.

Abategetsi bo muvy’amagara y’abantu muri Amerika baremeje mu ndwi iheze ko abakenyezi bibungeze banduye uwo mugera wa Zika bavyara abana bafise imitwe mito. Babasaba kwirinda kuja mu bihugu vyo muri Amerika y’epfo aho uwo mugara waturutse.

XS
SM
MD
LG