Uko wahagera

Umwana w'Umuhungu Yishwe n'imodoka muri Kameruni


Ambasaderi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Samantha Power, ariko abonana n'umuvyeyi n'abana biwe bahungiye ahitwa Mokolo, muri Kameruni, kw'italiki 18, ukwezi kwa kane, umwaka w'i 2016.
Ambasaderi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Samantha Power, ariko abonana n'umuvyeyi n'abana biwe bahungiye ahitwa Mokolo, muri Kameruni, kw'italiki 18, ukwezi kwa kane, umwaka w'i 2016.

Imwe mu modoka zari zitwaye Ambasaderi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu, O-N-U, Samantha Power, yasetse umwana w’umuhungu akiri muto arapfa, uno musi ku wa mbere, igihe Ambasaderi Power yariko atembera mu buraruko bw’igihugu ca Cameroun.

Umutegetsi w’Umunyamerika avuga kw’iyo mpanuka yabereye hafi y’igisagara ca Maroua, mu buraruko bw’igihugu, aho Samantha Power yariko agendera amakambi y’impunzi, avugana kandi n’abategetsi ku bibazo biterwa n’abarwanyi b’umurwi, Boko Haram, mu karere.

Ku bw’amakuru atangazwa, abantu baba mu mihana bari batonze kw’ibarabara kugira barorerere imodoka zari ziherekeje Ambasaderi Power zariko zirengana, igihe umwana w’umuhungu w’imyaka indwi yasimbira mw’ibarabara.

Imwe mu modoka zari ziherekeje Power, ntiyashoboye kumukwepa.

Umudereva w’iyo modoka avurwa ko ari Umunyakameruni.

Abategetsi ba Amerika bavuga ko, Samantha Power, mu nyuma yaho yagarutse ahabereye iryo sanganya, aragendera umuryango w’uwo mwana w’umuhungu kugira abashikirize ubutumwa bw’umubabaro ku rupfu rwiwe.

Abategetsi ba Amerika bavuga ko akarere iyo mpanuka yabereyemwo gaherutse kuberamwo ubwicanyi bukozwe n’abarwanyi b’umurwi Boko Haram.

XS
SM
MD
LG