Uko wahagera

Israeli: Abantu 15 Bakomeretse mu Gitero kuri Bisi


Igipolisi co mu gihugu ca Israeli n’abategetsi bajejwe ubuvuzi bamenyesha kw’abantu cumi na batanu bakomeretse mu gitero c'iterabwoba kuri ibisi ku musi wa mbere mu gisagara ca Yeruzalemu.

Abantu bari bijajije mu ntango ko uguturika kw'iyo bisi vyari vyatumye n'ukudakora neza kw'iyo bisi. Yamara abategetsi muri iki gihe bamenyesha ko vyatumwe na bombe.

Umukuru w'igipolisi co mu gisagara ca Yeruzalemu, Yoram Halevy avuga ko ata nkeka ko ari igitero c'iterabwoba.

Abantu cumi na batanu bariko baravurwa inyuma yuko bakomeretse. Umwe muribo yakomeretse bikomeye.

Amasanamu ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana bisi y’ibara ry’urwatsi rutoto iriko iraka umuriro.

Ku ruhande rwayo kw’ibarabara hari iyindi bisi yari ihagazeho.

Amwe mu makuru avuga ko bisi igaragara ariyo yaturitse, abakomeretse bakaba bari muri bisi yari iruhande yayo.

XS
SM
MD
LG