Uko wahagera

Burundi: Imibereho y'Abamugariye ku Rugamba


Amazu ya kijambere abamugariye ku rugamba babamwo kuva mu kwezi kw’indwi umwaka wa 2014 arimwo amatara n’amazi. Ayo matara yakishwa n’imishwarara y’izuba. Ariko muri kino gihe ayo matara ntiyaka mu mazu agera kuri 30 kubera ivyuma bitanga uwo muyagankuba bitagikora nk’uko bivugwa na Gerarudo Ntiruhungwa arongoye ico kigwati.

Mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi no gukurikiranira hafi abahoze ku rugamba bamenyesha ko ico kibazo bakizi. Koloneli Gaspard Baratuza avugira igisirikare c’Uburundi avuga ko hari ibikorwa biriko birakorwa mu ntumbero yo gutorera umuti ico kibazo.

Abo bamugariye ku rugamba barafise kandi ikibazo co kubura aho binonorera imitsi. Harimwo abagendana ubumuga bashobora gukina inkino zitandukanye nk’uko bano babiri muribo babivuga.

Naha nyene Koloneli Baratuza arahumuriza abo bamugariye ku rugamba, avuga ko bitegekanijwe ko ahubatwe ibigwati bigenewe abamugariye ku rugamba baronswa ibibuga vyo kwinonorerako imitsi. Uwo avugira igisirikare c’uburundi avuga ko ivyo bibuga bitebe bitebuke bizokubakwa.

Ico kigwati c’abamugariye ku rugamba c’i karurama mu ntara ya Cibitoke ; kiri nko ku metero 500 hafi y’urubibe rw’Uburundi na Repubulika iharanira demokarasi ya kongo. Abo bahaba bavuga ko bafise impungenge ku mutekano wabo kuko hakurya muri RDC hama humvikanye amasasu. Basaba kuronswa ikirindiro c’abajejwe umutekano.

Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi yishura ko abarongoye akarere ka mbere ka gisirikare bagiye kugira ico bakoze. Nayo ku bibazo vyo kuronswa uburyo bwo kwiyunguruza, n’ivuriro ngaho mu kigwati c’i karurama Koloneli Gaspard Baratuza yishura ko ata muti wihuta woboneka kur’ico kibazo kubera ibibazo vy’ubukene igihugu kirimwo

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:43 0:00

XS
SM
MD
LG