Uko wahagera

Abaserukira Ibihugu vy’I Bulaya Bagendeye Libiya


Intumwa idasanzwe y'ishirahamwe mpuzamakungu mu gihugu ca Libya, Martin Kobler, ari kumwe n'umushikirangnaji wa mbere mushasha w'igihugu ca Libya, Fayez Serraj.

Intumwa idasanzwe y'ishirahamwe mpuzamakungu mu gihugu ca Libya, Martin Kobler, ari kumwe n'umushikirangnaji wa mbere mushasha w'igihugu ca Libya, Fayez Serraj.

Abategetsi baserikura ibihugu vya Bulaya barimwo uwuserukira Ubufaransa, Espagne, bari I Tripoli mu gihugu ca Libya, aho bagiye gushigikira reta nshasha yavuye mu biganiro bishigikiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu.

Bubaye ubwa mbere abo bategetsi baserukira ibihugu vyabo, bagendeye umurwa mukuru w’igihugu ca Libiya mur’iyi myaka ibiri iheze, inyuma y’aho ambassade zitari nke zugariye mu mwaka w’2014, bivuye ku ngwano yari hagati y’imirwi y’abagwanyi yariko iratana mu mitwe.

Igihugu ca Libya, caciye gisinzikzwa n’ingwano yatumye havuka amareta abiri hamwe n’inama nshingamateka zibiri, bidacana uwaka.

Bitegekanijwe kw’abo bategetsi babonana n’ivyegera vy’umushikiranganji wa mbere mushasha, Fayez Serraj.

Umushikiranganji w’igihugu c’Ubutaliyano ajejwe imigenderanire, Paolo Gentioni yaragendeye umurwa mukuru w’igihugu ca Libiya Tripoli mu ndwi iheze, araheza aratangaza umugambi wo kwugurura ambassade zari zarugaye.

Ubutaliyano, Ubufaransa hamwe n’ibindi bihugu vyo mu burengero biratewe amakenga n’umurwi w’intagondwa wa reta ya kiyisilamu mu gihugu ca Libiya, wigaruriye igisagara ca Sirte kandi umaze gukora ibitero mu gihugu cose.

Ivyo bihugu vyose vyaratangaje ko vyiteguriye guha imyimenyerezo ya gisirikare ingabo z’igihugu ca Libiya, kugira ngo zituze ibitero vy’uyo murwi.

Igihugu ca Libiya cagiye mu kajagari ka politike kuva aho umukuru w’ico gihugu Muammar Kadhafi akuriwe ku butegetsi, agaca yicwa mu mwaka w’2011.

XS
SM
MD
LG