Uko wahagera

Amerika Ishobora Kuzogabanya Intererano Muri ONU


Muri Sena ya Amerika
Muri Sena ya Amerika

Leta zunze ubumwe z’Amerika iragabisha ko ishobora kugabanya intererano y’amafaranga itanga mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mugihe iryo shirahamwe ritohagurukira bimwe biboneka ikibazo c’abasirikare baryo bama bagirijwe gufata abakenyezi ku nguvu.

Ivyo vyashikirijwe n’aba senateri ba Amerika kuwa gatatu babicishije mu gisata ca sena ya Amerika kijejwe imigenderanire n’ayandi makungu.

Abasenateri ba Amerika bamenyesha ko bababajwe n’inyifato y’abasirikare hamwe n’abapolisi ba ONU, ndetse n’abandi bakozi b’iryo shirahamwe bama bagirijwe iyo nyifato igayitse cane cane k’umugabane wa Afirika.

Leta ya Amerika itanga ica kane c’imiliyaridi 8 ONU ikoresha buri mwaka mu bikorwa vyo kugarukana amahoro kw’isi.

ONU ifise abasirikare barenga ibihumbi ijana kw’isi hamwe n’abapolisi, bose bava mu bihugu 122 bariko bakorera mu bice 16 bitandukanye kw’isi. Benshi muri bo bakorera mu bihe bitoroshe kandi bishobora no guhitana ubuzima bwabo.

XS
SM
MD
LG