Uko wahagera

Malawi: Ubusuma Bukabije Bw’Imiti ya Maraliya


Leta zunze ubumwe z’Amerika iragabisha ko ishobora guhagarika imfashanyo y’imiti ifashisha igihugu ca Malawi mugihe ico gihugu kitohagarika ubusuma bw’imiti bwarenze urugero mu mavuriro ya leta ya Malawi.

Ivyigwa biheruka kugirwa vyerekanye ko ubusuma bw’imiti muri Malawi bwatumye ico gihugu gihomba ama miliyoni y’amadolari atari make buri mwaka.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Malawi butangaza ko Malariya yica abantu bashika 40 kw’ijana mu mavuriro yo mur’ico gihugu.

Amerika hamwe n’ayandi mashirahamwe mpuzamakungu afasha mu kurwanya ikiza ca SIDA, igituntu hamwe na Malariya nibo batanga imiti nka yose ikoreshwa mu bitaro vya leta vya Malawi, imiti yategerezwa gutangwa ku buntu.

Ariko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Malawi butangaza ko 30 kw’ijana y’imiti ya maraliya inyuruzwa ikiri mu bubiko. Mu yashoboye gushikanwa mu bitaro nayo, 7 kw’ijana yayo iranyuruzwa.

XS
SM
MD
LG