Uko wahagera

Siriya: Amatora Abonwa nk'Ikinamico


Perezida wa Siriya, Bashar al-Assad
Perezida wa Siriya, Bashar al-Assad

Ibibonwa ko ari ikimenyetso ko perezida w’igihugu ca Siriya, Basahr al-Assad, ko ata migambi afise y’ukuva ku butegetsi, intwaro yiwe yagirishije amatora y’abashingamateka uno musi ku wa gatatu. Abanyepolitike batavuga rumwe na Reta batangaza kw’ayo matora avurwa ko ari ikinamico.

Mu gihe amatora ariko abera mu bice biri mu minwe ya Reta mu gihugu casinzikanjwe n’ingwano, nta kizotangaza ku bizova mu matora, bizotangazwa mu mpera z’iyi ndwi.

Vyitezwe ko abashigikiye Reta, baba abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi wa perezida Assad, Arab Socialist Ba’ath Party, nabo bacuditse baba benshi mu nama nshingamateka.

Perezida Assda ariko amwenyura n’umupfasoni wiwe, Asma, bafashwe amasanamu ku kibanza ngurukanabumenyi ca Facebook ariko aratora.

Perezida Assad yatangaje gatoyi imbere yuko haba agahengwe mu kwezi kwa kabiri ko afise imigambi y’ukugirisha amatora y’abashingamateka kw’italiki zitatu z’ukwezi kwa kane.

Amatora y’uno musi ku wa gatatu abaye mu gihe hari ibimenyetso kw’agahenwe gacumbagira kari hafi y’ugusambuka.

XS
SM
MD
LG