Uko wahagera

Koreya y'epfo: Umugamnbwe Uri ku Butegetsi Ntiwaronse Intsinzi Ihagije


Abakozi ba Komisiyo y'igihugu ijejwe amatora muri Koreya y'epfo bariko baharura amajwi avuye mu matora y'abashingamateka yabaye ku musi wa gatatu, italiki 13 z'ukwezi kwa kane, umwaka w'i 2016.
Abakozi ba Komisiyo y'igihugu ijejwe amatora muri Koreya y'epfo bariko baharura amajwi avuye mu matora y'abashingamateka yabaye ku musi wa gatatu, italiki 13 z'ukwezi kwa kane, umwaka w'i 2016.

Ivyatohojwe ku bavuye gutora mu gihugu ca Koreya y’epfo vyerekana kw’abatavuga rumwe n’umugambwe wa perezida Park Guen-hye, Saenuri Party, bavyifashemwo neza kurusha uko vyari vyitezwe mu matora y’abashingamateka yabaye uno musi ku wa gatatu.

Ivyo bishobora gutuma umugambwe uri ku butegetsi utaronka amajwi menshi agaragara mu nama nshingamateka.

Ibiherutse gutohozwa vyerekanye kw’abantu benshi bashigikiye perezida Park, cane cane aho ahagaze ku vyerekeye umutekano kw’igihugu.

Amatora y’uno musi ku wa gatatu azokwongereza ibibanza mu nama nshingamateka gushika ku majana atatu.

Mu gihe ibiherutse gutohozwa vyerekanye kw’umugambwe uri ku butegetsi, Saenuri Party, wari gustinda n’amajwi menshi, ivyatohojwe ku bavuye gutora uno musi ku wa gatatu vyerekanye kw’uwo mugambwe utashoboye kubishikako mu gutsindira hagati y’ibibanza 121 n’ibibanza 143.

Ivyatohojwe vyerekana kw’umugambwe utavuga rumwe na Reta, Minjoo Party of Korea, waronse hagati y’ibibanza 101 n’ibibanza 123 mu nama nshingamateka.

Ivyo bibanza bikaba birenga bikomeye ku vyari vyitezwe imbere yaho.

XS
SM
MD
LG