Uko wahagera

Amerika n’Ubuhindi Bazofashanya Mu Vya Gisirikare


Umushikiranganji wa Amerika ajejwe kwivuna abansi Ash Carter hagati hamwe n'abategetsi ba gisirikare c'Ubuhindi kirwanira mu mazi.
Umushikiranganji wa Amerika ajejwe kwivuna abansi Ash Carter hagati hamwe n'abategetsi ba gisirikare c'Ubuhindi kirwanira mu mazi.

Ibihugu vya Leta zunze ubumwe z’Amerika n’Ubuhindi vyarapfunditse amasezerano yo gufashanya mu vya gisirikare.

Ayo masezerano agamije guhanahana ibikoresho vya gisirikare. Umushikiranganji wo kwivuna abansi muri Amerika Ash Carter yamenyesheje kuwa kabiri ko ayo masezerano azorangira gutunganywa neza na neza mu ndwi zike ziri imbere.

Ivyo bihugu uko ari bibiri bigiye gusangira ibibanza vy’indege biri mu karere Ubuhindi burimwo no gufashanya mu bikorwa vyo gukora indege zifise ibibazo ndetse bahanahane n’ivyuma vy’indege.

Amerika imaze kugurisha ku gihugu c’Ubuhindi ibikoresho vya gisirikare bifise agaciro k’imiliyalidi 14 z’amadolari mu myaka mike iheze nkuko bimenyeshwa n’umwe mu bategetsi b’Amerika.

Abategetsi b’Amerika batangaza ko gupfundika ayo masezerano n’Ubuhindi ar’ikintu gihambaye nk’igihugu bicuditse co mu karere kandi bafise ibitari bike bahurirako.

XS
SM
MD
LG