Uko wahagera

Somaliya: Drone Zarishe aba Al –Shabab 8


Indege ya Drone
Indege ya Drone

Abantu bashika 8 nibo bishwe mu bitero bishasha vyagabwe n’indege za Leta zunze ubumwe z’Amerika ku barwanyi ba al-Shabab mu bumanuko bwa Somaliya.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Amerika Capitene Jeff Davis yamenyesheje kuwa kabiri ko indege za drone arizo zakoreshejwe mur’ivyo bitero vyabaye kuwa mbere no kuwa kabiri.

Ababonye igihe ivyo bitero vyaba hamwe n’abategetsi ba Somaliya babwiye Ijwi ry’Amerika ko abarwanyi 5 ba al shabab hamwe n’aba siviles 3 basize ubuzima mur’ivyo bitero.

Ivyo bitero vyabereye mu gisagara ca Yontoy gisanzwe kizenzurwa na al shabab mu bumanuko bw’intara ya Juba.

Kapitene Jeff Davis avugira igisirikare c’Amerika yavuze ko abarwanyi bishwe ari 12 kandi amenyesha ko kugaba ico gitero kwabaye ukwitanga al shabab kuko ngo wari ubereye intambamyi abakozi ba Amerika muri Somaliya.

XS
SM
MD
LG