Uko wahagera

Libiya: Ubulaya Burashigikiye Reta Nshasha


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’igihugu c’Ubutaliyano, Paolo Gentiloni, yashitse ku murwa mukuru w’igihugu ca Libiya, Tripoli, uno musi ku wa kabiri gushigikira Reta nshasha y’ubumwe ishigikiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu, O-N-U.

Rubaye urugendo rwa mbere rw’umutegetsi akomeye mu karere k’i Bulaya muri Libiya kuva mu mwaka w’i 2014.

Paolo Gentiloni, yakiwe n’icegera c’umushikiranganaji wa mbere wa Reta y’ubumwe, Ahmed Maiteeq, ku kivuga c’indege ku murwa mukuru, Tripoli. Iyo Reta iriko irondera gushinga imizi.

Vyari bitegekanijwe ko Fayez al-Sarraj, ayoboye Reta nshasha ibihugu vyo mu burengero bw’isi vyizeye ko izoshobora kunywanisha Abanyalibiya abonana na Paolo Gentiloni mu kibanza kirimwo umutekano c’igisirikare kirwanira mu mazi.

Igihugu c’Ubutaliyano nico cahoze gikolonije Libya.

Abitegereza ibintu bavuga ko urugendo rw’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Ubutaliyano, Paolo Gentilone, rwerekana ugushigikira Reta y’ubumwe n’utwigoro twayo tw’uguhagarika uruhagarara rwa politike n’ingwano bimaze imyaka itari mike.

Ubutaliyano, Ubufransa n’ibihugu bihugu vyo mu burengero bw’isi bitera bigira amakenga ku nguvu zitera ziyongera z’umurwi witwa, Reta ya Kiyislamu, muri Libiya. Uwo murwi muri iki gihe ugenzura igisagara ca Sirte, ukaba waragize ibitero mu bice bitari bike vy’igihugu.

Ivyo bihugu vyaremeye kumenyereza inteko zijejwe umutekano zigenewe kurwanya umurwi witwa Reta ya Kiyislamu muri Libiya.

XS
SM
MD
LG