Uko wahagera

ONU: Ban Ki-moon Arasubirizwa Muri 2017


Umunyamabanga mukuur wa ONU
Umunyamabanga mukuur wa ONU

Imyiteguro kuwuzosubirira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu mwaka w’2017 yaratanguye ku cicero ca ONU.

Amaleta 8 niyo amaze gutanga abakandida biyamamariza uyo mwanya kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri kurangiye aho hatangazwa ku mugaragaro ko imiryango yuguruye kubipfuza ayo mabanga. Bubaye ubwa mbere ica kabiri c’aba kandida bagizwe n’abakenyezi.

Mu myaka iheze, umunyamabanga mukuru wa ONU yatorwa mw’ibanga, ariko uyu mwaka amatora ONU itangaza ko ayo matora azoba ku mugaragaro.

Mur’iyi ndwi, abakandida baratangura gushikiriza imigambi n’ivyo bazomarira ONU. Ikiringo co gusuzuma abakandida kizomara amezi atari make. Uwuzotsinda azomenyekana mu kwezi kwa cumi na kumwe uyu mwaka.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mushasha azoshingwa amabanga mu kwezi kwa mbere umwaka w’2017 mu gihe ata ntambamyi yogaragara mur’ayo mahiganwa.

XS
SM
MD
LG