Uko wahagera

Afghanistani: Abatalibani Biyitiriye Igitero mu Gisagara ca Jalalabad


Bisi yasambuwe n'igitero ca bombe c'umwiyahuzi mu gisagara ca Jalalabad, mu buseruko bw'umurwa mukuru, Kabul, muri Afghanistan, kw'italiki 11 z'ukwezi kwa kane, umwaka w'i 2016.
Bisi yasambuwe n'igitero ca bombe c'umwiyahuzi mu gisagara ca Jalalabad, mu buseruko bw'umurwa mukuru, Kabul, muri Afghanistan, kw'italiki 11 z'ukwezi kwa kane, umwaka w'i 2016.

Abategetsi b’igihugu ca Afghanistani bamenyesha kw’abantu 12 baherutse kwinjizwa mu gisirikare bishwe mu gitero ca bombe c’umwiyahuzi mu gisagara ca Jalalabad, mu masaha y’inyuma yuko ku mutaga ku musi wa mbere.

Umuvugizi w’ubushsikiranganji bujejwe kwivuna abansi, Dewlat Waziri, avuga ko abandi bantu 26 bakomeretse muri ico gitero.

Waziri yemeje amakuru ya mbere yatangaje ko uwagize ico gitero yari kw’ikinga rifise imoteri, igihe yaseka bisi, mu vyatumye amabombe yari afise aturika.

Umwe mu vyabona yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafransa, Agence France Presse, ari mu bitaro ko se wiwe n’abo bavukana babiri bishwe muri ico gitero.

Abahasize agatwe bose muri ico gitero bari abaherutse kwinjizwa mu gisirikare bari muri bisi ku nkengera z’igisagara ca Jalalabad, bari bagiye ku murwa mukuru wa Afghanistani, Kabul, iyo bari barungitswe gukorera.

Umuvugizi w’Abatalibani, Zabihulla Mujahid, yariyitiriye ico gitero.

XS
SM
MD
LG