Uko wahagera

Zika: Ibivuye mu Bushakashatsi Biteye Impungenge Kurushiriza


Icegera c'umuyobozi b'ibiro bijejwe kurwanya n'ukwirinda indwara ziterwa n'imigera muri Amerika, Dogiteri Anne Schuchat
Icegera c'umuyobozi b'ibiro bijejwe kurwanya n'ukwirinda indwara ziterwa n'imigera muri Amerika, Dogiteri Anne Schuchat

Abategetsi bajejwe amagara y’abantu bameneysha ko uko abashakashatsi bamenya vyinshi kurishiriza ku mugera wa Zika, ariko bagira impungenge kurushiriza, ku nkurikizi zayo mu bwonko. n’ibibazo vy’uwo mugera mu kiringo kirekire kiri kiri imbere.

Icegera c’umuyobozi b’ibiro bijejwe kurwanya n’ukwirinda indwara ziterwa n’imigera muri Amerika, Dr. Anne Schuchat, avuga ko ibintu vyose ubushakashatsi bumenya ku mugera wa Zika bitera ubwoba kurusha uko bavyiyumvira.

Amenyesha kw’ubushakashatsi bwerekana ko umugera wa Zika ugeramira ubwonko bw’umwana akiri mu nda.

Abategetsi bajejwe ubuvuzi bafise impungenge ku vyerekeye ikwiragira ry’umugera wa Zika. Basaba inama nshingamateka ya Amerika kwemeza idatevye umuliyaridi n’imiliyoni amajana icenda y’amadolari yihutirwa, yasabwe mu rugamba rw’ukurwanya Zika.

Bamenyesha ko nibatoronka amafranga basaba batazoshobora gushika kuvyo bakeneye gukora.

Mu ndwi iheze, ibiro vya prezida wa Amerika, Maison Blanche, vyatangaje ko bizoshira amafranga agera ku miliyoni amajana atandatu y’amadolari mu kigega kigenewe kurwanya umugera wa Zika.

Menshi muri ayo mafranga azoba avuye mu yasanzwe ahari ku bijanye na Ebola.

XS
SM
MD
LG