Uko wahagera

Uruhara Rw’Abafasoni Mu Gutsimbataza Amahoro


Pascasie Minani
Pascasie Minani

Haraheze hafi ikiringo kingana n’umwaka uruhagara rutanguye mu Burundi. Kuva ico gihe abarundi batari bake baramaze gusiga ubuzima mu mutekano muke urangwa mu bice bimwe bimwe vy’uburundi.

Ubwicanyi no mur’iki gihe ntiburahagarara, haba mu gihugu hagati canke ku murwa mukuru Bujumbura. Hama hatangajwe amakuru y’abantu bica abandi bari mu bunywero canke babasanze imuhira iwabo, bakabagangura.

Abajejwe umutekano, nabo nyene bari mu bantu bagize imisi bagandagurwa.

Mu mezi aheze, kandi haratangajwe amakuru y’abasore banyuruzwa n’abantu baba bambaye impuzu z’abajejwe umutgekano, kandi n’imiryango yabo ikemeza kw’abo bantu baba banyurujwe, bakongera bakicwa n’abajejwe umutekano.

Abarundi batari bake, barimwo abari mu butegetsi, abarongoye imigambwe, abahurikiye mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike, abafasoni, urwaruka, bariyamirije ubwicanyi bubandanya guhekura abarundi:

Bamwe mu mirwi y’abanyagihugu yubashwe kandi yumvirizwa, n’abapfasoni:

Mbega abapfasoni, basanzwe aribo bavyeyi hamwe na bashiki b’abantu bicwa, eka n’abakora ubwo bwicanyi, baramaze kwiyamiriza no gutanga impanuro zikomeye zotuma abica, canke ababiba urwanko mu barundi bikebuka?

Mbega ikintu ku bwanyu cokorwa kugira ngo ijwi ry’abapfasoni hamwe n’impanuro batanga, vyemerwe n’ikihe?

Mbega barafise uburyo bwo guhindura imitima y’abana bibarutse, ya bashiki babo?

Mushobora kwumviriza.

please wait

No media source currently available

0:00 0:53:31 0:00

XS
SM
MD
LG