Uko wahagera

Umumenyeshamakuru Yafashije al-Shabab Yishwe


Hassan Hanafi Haji, yahose ari umuymenyeshamakuru yagirizwa ko yakorana n'umurwi al-Shabab imbere yuko araswa
Hassan Hanafi Haji, yahose ari umuymenyeshamakuru yagirizwa ko yakorana n'umurwi al-Shabab imbere yuko araswa

Reta ya Somaliya yishe Hassan Hanafi Haji yahoze ari umumenyeshamakuru yagirijwe ko yafashije abarwanyi b’umurwi al-Shabab kwica abamenyeshamakuru batanu ku murwa mukuru, Mogadisho. Byari hagati y’umwaka w’i 2007 n’umwaka w’2011.

Abategetsi n’ivyabona bavuga ko Hassan Hanafi Haji yarashwe uno musi ku wa mbere mu kibanza kirimwo ishule y’igipolisi ku murwa mukuru, Mogadisho. Haji yarungitse n’igihugu ca Kenya mu mwaka uheze kibisabwe na Reta ya Somaliya.

Abdulahi Hussein Mohamed, icegera c’umucamanza wa sentare y’igisirikare, yahaye ikiganiro abamenyeshamkuru inyuma yuko Hassan Hanafi yishwe. Yatangaje ko yaciriwe urubanza mu buryo bukwiriye.

Haji yaserukira umurwi al-Shabab imbere y’abajejwe itangazamakuru. Yararemera bagenzi be kugira batangaza amakuru bisunze amategeko agenga itangazamakuru ry'uwo murwi. Ayo mategeko arimwo kudatangaza amakuru yerekeye ugutsindwa kwabo ku rugamba.

Hassan Hanafi Haji yari azwi ko atera ubwoba abamenyeshamakuru n’amaradiyo mu gihe batubahirijwe amategeko y’umurwi al-Shabab. Yarakoreye kandi iradiyo y’umurwi al-Shabab, Radio Andalus.

XS
SM
MD
LG