Uko wahagera

Djibouti: Abarwanya Leta Barahakana Ivyavuye Mu Matora


Djibouti: Shacabka oo u dareeray Doorasho

Djibouti: Shacabka oo u dareeray Doorasho

Abarongoye imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi muri Djibouti irahakana ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye kuwa gatanu bavuga ko yabayemwo ubusuma.

Umugambwe uri k’ubutegetsi muri Djibouti watangaje ku musi wa gatandatu ko Perezida Ismail Omar Guelleh yatahukanye intsinzi mur’ayo matora y’umukuru w’igihugu aho bamenyesheje ko yatsinze ku majwi 87 kw’ijana.

Abakandida batatu bariko bahiganwa na perezida Omar Guelleh babwiye ijwi ry’Amerika ko ayo matora yabayemwo ubusuma.

Abakuru b’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi imenyesha ko mu misi mike iri imbere igiye gusohorera hamwe itangazo kandi ko bazoca batunganya imyigaragamvyo yo kwiyamiriza ivyavuye mu matora.

Ariko umurwi w’igihugu utunganya amatora urahakana ivyo imigambwe itavuga rumwe na leta ishikiriza. Bavuga ko amatora yagenze neza kandi yisunze amategeko y’igihugu n’amategeko mpuzamakungu.

Ismail Omar Guelleh, yatanguye gutwara kuva mu mwaka w’1999 akaba agiye gutwara ikiringo kigira gatanu.

XS
SM
MD
LG