Uko wahagera

Amerika Iranebagura Amatora yo muri Kongo


Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Reta zunze ubumwe z'Amerika butangaza ko budashimishijwe na gato n’ukugene amatora yagenze muri Repubulika ya Kongo. Amatora yatumye Perezida Sassou Nguesso yongereza ikirongo c’imyaka mirongo itatu n’ibiri amaze ku butegetsi.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika, Mark Toner, yamenyesheje mw’itangazo kw’ibintu biatri bike bitagenze neza mu matora n’ihagarikwa ry’abashigikiye abatavuga rumwe na Reta vyageramiye amatora yari yabaye mu mahoro.

Amenyesha ko Reta zunze ubumwe za Amerika zifise impungenge zikomeye nuko Abanyecongo ibihumbi n’ibihumbi bavyutse kw’italiki zine z’ukwezi kwa kane bumva amasasi n’amabombe vyasana. Abo bahunze ingo zabo ku murwa mukuru, Brazzaville.

Reta ya Kongo ivuga ko abahoze ari abanywanyi w’umurwi w’abarwanyi wasambuwe wagize ibitero mu bibanza vya reta kw’italiki zine z’uku kwezi kwa kane. Imenyesha ko abasirikare batatu, abasivile babiri n’abagize ibitero cumi na babiri bishwe mu gutana mu mitwe.

Abatavuga rumwe na reta batangaje kw’amatora yo kw’italiki 20 z’ukwezi kwa gatatu yibiwe Perezida Nguesso.

Umwe mu bakandida, Jenerali Jean-Marie Mokoko, yasavye abanyagihugu kugarariza amategeko kugira biyamirize ivyavuye mu matora.

Umukandida yarangije mu kibanza ca kabiri, Guy-Brice Parfait Kolelas, yaremeye ko yatsinzwe, ku musi wa kane. Ameneysha ko amatora atagenze neza ko yamara adashaka urundi ruhagarara n’ubwicanyi.

XS
SM
MD
LG