Uko wahagera

Brezil: Perezida Ahanganye n'Abashinga Mategeko


Perezida Dilma Rousseff ariko aha ikiganiro abamenyeshamakuru
Perezida Dilma Rousseff ariko aha ikiganiro abamenyeshamakuru

Benshi mu bagize inama nshingamateka y’igihugu ca Brezil barashigikiye gukura prezida Dilma Rousseff, yamara hashobora kuba ata majwi ahagije mu nama nshingamateka vy’ugushikiriza ivyagirizo vy’ukumukura.

Ikinyamakuru co mu gihugu ca Brezil, Folha de Sao Paulo, kimenyesha kw’ivyatohojwe ku bashingamateka hagati y’italiki 21 z’ukwezi kwa gatatu n’italiki 7 z’ukwezi kwa kane vyerekanye kw’ibice mirongo itandatu kw’ijana mu nama nshingamateka mu gihugu bashigikiye ko Perezida Rousseff akurwa ku butegetsi. Ivyo ntivyoba bihagije kugira igikorwa c’ukumukura ku butegetsi kibe.

Abashingamateka n’abakenguzamateka amajana atatu n’umunani barashigikiye ko akurwa ku butegetsi. Yamara hakenewe abashingamateka amajana atatu na mirongo ine na babiri kugira ivyagirizo vy’ugukura Perezida Rousseff bishikirizwe.

Ivyatohojwe vyerekana kw’ibice mirongo ibiri n’umwe vy’abashingamateka badashigikiye kumukura ku butegetsi.

Bitegekanijwe ko inama nshingamateka igirisha amatora kw’italiki 17 z’ukwezi kwa kane kugira irungike dosiye mu nama nkenguzamateka. Niyo inama nkenguzamateka yemera gushira Perezida Rousseff imbere vy’intahe, yoca aba arahagaritswe mu mabanga y’ukuyobora igihugu.

Abashingamateka batavuga rumwe na reta bavuga ko Rousseff yaguranije amafranga mu buryo butarekuriwe n’amategeko kugira yongereze amafranga reta ikoresha, yongere anyegeze ugukomera kw’ibibazo vy’ubutunzi bw’igihugu, mu gikorwa ciwe c’ugusubira kwitoza kurongora igihugu ca Brezil mu mwaka w’i 2014.

Perezida Rousseff arahakana ko hari amakosa yakoze, akaba yiyamiriza umugambi w’ukurondera kumukura ku butegetsi.

XS
SM
MD
LG