Uko wahagera

Uburundi Buzumvikana n'Umuryango w'Afurika


Leta y’Uburundi imenyesha ko igiye kugiranira amasezerano n’umuryango w’Ubumwe bw’Afurika inyuma yaho Uburundi butungiweko urutoke ko butubahiriza uburenganzira bw’abatavuga rumwe nabwo.

Umushikiranganji w’Uburundi ajejwe imigenderanire n’amakungu Alain Nyamitwe kuwa kane yahakanye ivyo amakungu yagiriza leta y’Uburundi ko ikoresha inzego z’umutekano hamwe n’abayishigikiye mu guhungabanya uburenganzira bw’abatavuga rumwe nayo.

Amenyesha ko Uburundi iriko irakorana n’abategetsi b’Umuryango w’Ubumwe bwa Afrika bari mu gihugu gutohoza ihonyangwa ry’uburenganzira bwa muntu.

Ivyo abishikirije mugihe abatavugarumwe na leta badahengeshanya kwagiriza leta y’Uburundi ko iriko ikoresha imvugo yo gusamaza amakungu ariko ikabandanya ica kubiri n’agateka k’abatavuga rumwe nayo.

XS
SM
MD
LG