Uko wahagera

Danemark: Abakekwa Kuba Abanywanyi ba ISIS Barafashwe


Abapolisi ba Danemarke mu Bikorwa vyo kurondera Abikekwa Kugomba Kugira Iterabwoba
Abapolisi ba Danemarke mu Bikorwa vyo kurondera Abikekwa Kugomba Kugira Iterabwoba

Igipolisi co mu gihugu ca Danemark kimenyesha ko cafashe abantu 4 kivuga ko baheruka kuva muri Siriya bakekwa kuba ari abanywanyi b’umugwi w’iterabwoba wa leta ya Kiyisilamu bagamije kugaba ibitero vy’iterabwoba.

Igipolisi co k’umugwa mukuru Copenhague camenyesheje kuwa kane ko cafashe amasasu hamwe n’ibirwanisho mugihe cariko kirabarondera.

Abategetsi ba Danemark ntibaratanga ibiranga abo bantu. Hategekanijwe ko barengutswa imbere y’ubutungane kur’uyu wa gatanu.

Abajejwe umutekano muri Danemark batanguye kumera magabo kuva aho harasiwe amasasu mw’isinagogi iri k’umugwa mukuru Copenhague mu kwezi kwa kabiri umwaka w’2015.

Urwego rw’iperereza muri Danemark rwemeza ko gushika mu kwezi kwa cumi umwaka w’2015, abantu bashika 125 bamaze kugaruka mur’ico gihugu inyuma bavuye muri Iraki na Siriya aho bari bagiye kwiyunga n’umuhari wa reta ya Kiyisilamu

XS
SM
MD
LG