Uko wahagera

USA: Leta ya Wisconsin Ishobora Guhinyuza Trump


Ibiro vy’amatora birunguruye muri reta ya Wisconsin, ku bijanye n’amatora ya mbere y’abakandida barondera gutorwa guhagararira imigambwe yabo uko ari ibiri y’Abademokrate n’Abarepublika mu matora y’umukuru w’igihugu azoba muri Amerika mu kwezi kw’icumi na rimwe kw’uyu mwaka.

Senateri w’intara ya Texas, Ted Cruz na Senateri w’intara ya Vermont bariko barondera intsinzi zikomeye uno musi.

Abakandida b’Abarepublika bariko barondera kuzibira umurwizatunga Donald Trump bariko barondera gutuma Trump atagira amahirwe y’ukuronka igitigiri c’abazoshsikiriza amajwi 1,237, imbere y’ikoraniro ry’umugambwe w’Abarepublika rizoba mu kwezi kw’indwi mu gisagara ca Cleveland.

Ivyatohojwe vya nyuma muri Reta ya Wisconsin vyerekana ko Ted Cruz ahiganwa na Trump ari imbere, mu gihe Bulamatari wa Reta ya Ohio, John Kasich ari inyuma cane y’abo bakandida babiri.

Wisconsin ni Reta kandi ikomeye ku bakandida b’Abademokrate, Hillary Clinton na Bernie Sanders.

Hillary Clinton ari imbere ya Sanders ku vyerekeye igitigiri c’abazoshikiriza amajwi ari inyuma yiwe mu vya nyuma vyatohojwe muri Reta ya Wisconsin.

Yamara ibiherutse gutohozwa vyerekana ko Hillary Clinton ari imbere ya Bernie Sanders muri Reta ya New York.

XS
SM
MD
LG