Uko wahagera

Kenya: Abaharanira Agateka Bagaye Ingingo ya CPI


Icegera ca Perezida wa Kenya William Ruto
Icegera ca Perezida wa Kenya William Ruto

Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu yaguye mu gahundwe uno musi ku wa kabiri ku ngingo ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’uguhagarika urubanza rw’icegera c’umukuru w’igihugu ca Kenya, William Ruto.

Batangaje kw’iyo ngingo itumye abasinzikajwe n’ivyaha yagirizwa bataronswa ubutungane, kandi yerekanye ko gukwirikirana amadosiye y’abantu bakomeye cane bifise aho bigarukira.

Yamara abitegereza ibintu bavuga ko sentare mpuzamakungu mpanavyaha yahakuye ivyirwa bikomeye bishobora kuzoyifasha gutera ija imbere mu gushira mu bikorwa amabanga yashinzwe.

Umuhanuzi akomeye mu vyerekeye bubutungane mpuzamakungu mw’ishirahamwe riharanira agateka ka muntu kw’isi, Human Rights Watch, Elizabeth Evenson, yavuze ko ingingo ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha ibabaje cane.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yahevye ivyaha bityoza agateka ka muntu ku cegera ca Perezida wa Kenya, William Ruto.

Sentare mpuzamakungu mpanvyaha yatangaje uno musi ku wa kabiri kw’abacamanza bahisemwo, ari babiri kuri umwe gufuta ivyaha Ruto yagirizwa hamwe n’uwundi bagirizwa hamwe, Joshua Arap Sang.

Abo bacamanaza babiri bnatangaje naho ari uko ingingo yabo itazobuza muri kazoza gukwirikirana Ruto, haba muri sentare mpuzamakungu mpanvayaha canke imbere ya sentare y’igihugu.

Ruto yari yagirijwe ko yagize uruhara mu vyaha vy’ubwicanyi, gukura abanyagihugu ku nguvu mu bice babamwo n’ugutoteza abanyagihugu mu bwicanyi bwakwirikikye amatora yo mu mwaka w’i 2007 muri Kenya.

Sang, yari umukuru w’iradiyo yigenga, yagirijwe ko yagize uruhara muri ivyo vyaha nyene.

Abanyakenya bagera ku gihumbi n’ijana barishwe mu ndwi zitari nke z’ubwicanyi bufatiye ku bwoko bwakwirikiye amatora yabayemwo amatati.

Perezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta, yagirijwe ko yafashije gukokeza ubwicanyi. Yagirijwe ubwoko butanu bw’ivyaha bityoza agateka ka muntu.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yahagatitse urubanza rwa Kenyatta mu kwezi kwa gatatu mu mwaka w’i 2015. Ivyo inyuma yuko abashikirizamanza bahevye ivyaha bamwagairiza, mu kuvuga ko batashoboye kuronka ivyemezo bihagije vy’ukumushira imbere y’intahe.

Abaharanira agateka ka muntu bagirije reta ya Kenya kudakorana n’abashikirizamanza mu matohoza yabo n’ugutera ubwoba abashobora kuba ivyabona.

XS
SM
MD
LG