Uko wahagera

Nijeriya: Umutegetsi w’Umuhari w’Iterabwoba Yarafashwe


Abasirikare ba Nijeriya
Abasirikare ba Nijeriya

Igisirikare ca Nijeriya kimenyesha ko cafashe indongozi y’umuhari w’aba Isilamu witwa Ansaru, ishami ry’umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram.

Umuvugizi w’ubushikiranganji kwo kwivuna abansi muri Nijeriya Rabe Abubakar amenyesha ko Khalid al-Barnawi yafatiwe hagati mu gisagara ca Lokoja k’umusi wa gatanu.

Kuva mu mwaka w’2012, Leta zunze ubumwe z’Amerika zari zatanze imiliyoni 5 z’amadolari z’agashimwe k’uwofata al-Barnawi.

Uko ari ibiri umuhari wa Boko haram na Ansaru itumbereye gushinga leta ishimikiye kw’idini rya k’Isilamu mu buraruko bwa Nijeriya bugwiriyemwo aba Isilamu.

Amerika yagiriza umuhari w’iterabwoba Ansaru ko ariwo wanyuruje wongera wica abakozi batari bake b’abanyamahanga muri Nijeriya.

Wagirizwa kandi kwica abapolisi ba Nijeriya mu gitero wagavye ku kigo c’igipolisi k’umurwa mukuru Abuja mu mwaka w’2012.

Amerika yamenyesheje kandi ko uwo muhari w’iterabwoba Ansaru ufitaniye ubucuti bwa hafi na al-Qaida yo muri magrebe. Mu kwezi kwa cumi na kumwe umwaka w’2013 niho Amerika yawita umuhari w’iterabwoba.

XS
SM
MD
LG