Uko wahagera

Armeniya Iragabisha Azerbayijani


Abasirikare b'igihugu ca Armeniya, mu mihana ya of Mardakert, mu ntara ya Nagorno-Karabakh
Abasirikare b'igihugu ca Armeniya, mu mihana ya of Mardakert, mu ntara ya Nagorno-Karabakh

Abategetsi b’igihugu ca Azerbayijani batangaza ko batatu mu basirikare ba Reta bishwe mu gihe ingwano ibandandanya umusi ugira gatatu mu ntara yiyonoye ya Nagorno-Karabakh.

Abategetsi b’igihugu ca Armeniya baragabisha ko uko ibintu vyifashe muri iki gihe bishobora kuvamwo ingwano ikomeye.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika, Associated Press, risubiramwo umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi, Vagif Dargyakhly, avuga kw’abarwanya ubutegetsi bariko barasa vya muzinga mu birindiro vy’igisirikare ca Azerbayijani no mu mihana iri hafi y’ibirindiro.

Ivyo nahao Reta ya Azerbayijanai yatangaje ku musi w’Imana ko ihagaritse intambara ku ruhande rwayo.

Perezida wa Armeniya, Serzh Sargsyan, yagiriza Azerbayijani kubandanya ibikorwa vy’agasomborotso, avugako bigirwa mu bice bibamwo abasivile.

Yagabishije kw’igihugu ciwe gishobora kugiranira imigenderanire icese n’intara ya Nagorno-Karabakh mu kwemeza icese ukwikukira kw’iyo ntara hamwe ingwano yokwiyongera.

XS
SM
MD
LG