Uko wahagera

Igihugu c’Ubugiriki n’umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi vyatanguye kwirukana abimukira bari mu mazinga ya Lesbos na Chios.

Abo bimukira bariko barungikwa mu gihugu ca Turikiya hisunzwe ingingo z’amasezerano yashitsweko mu kwezi kwa gatatu hagati y’umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi n’abategetsi ba Turkiya.

Abimukira ba mbere bavanywe mw’izinga rya Lesbos mu bwato uno musi ku wa mbere ata ruhagarara ruhabaye.

Abategetsi batanguye gukura abantu mw’ikambi y’ahitwa Moriya mu masaha y’imbere y’ubucagucagu. Babajanye ku kivuko c’igisagara ca Mytiline, aho bashizwe mu bwato bwabajanye muri Turikiya.

Umutegetsi wa reta y’igihugu c’Ubugiriki yabwiye Ijwi ry'Amerika, kw’abantu amajana abiri na babiri bavanywe mu Bugiriki mu mato atatu uno musi ku wa mbere.

Ubwato bubiri bwatwaye abantu ijana na mirongo itatu na batandatu, bubavanye kw’izinga rya Lesbos, mu gihe ubwato bugira gatatu bwatwaye abimukira mirongo itandatu na batandatu bubavanye kw’izinga rya Chios uno musi ku wa mbere mu gutondo. Amenyesha kw’ata numwe mu birukanywe mu gihugu c’Ubugiriki, yasavye ubuhungiro.

Amenyesha ko benshi mu basubijwe mu gihugu ca Turikiya ku musi wa mbere ari Abanyapakistani.

XS
SM
MD
LG