Uko wahagera

Amerika na O-T-A-N Biri Hamwe mu Rugamba kuri Reta ya Kiyislamu


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama yabonanye n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buarruko bw’ibahari Atlantike, O-T-A-N, Jens Stoltenberg, mu biro vyiwe, Maison Blanche.

Baganiye ivyerekeye urugamba rw’ukurwanya umurwi w’intagondwa witwa, Reta ya ki Islamu n’ugukorana kurushiriza muri ibi bihe bitoroshe mu makungu.

Prezida Obama yahayagije intererano z’ishirahamwe O-T-A-N, muri Iraki na Yordaniya aho iryo shirahamwe ririko rifasha mu kumenyereza inteko zaho.

Abo bategetsi babiri baganiye kandi ivyerekeye igihugu ca Afganistani, aho Obama yavuze ko ishirahamwe O-T-A-N ryafashije cane mu kugarukana umutekano muri ico gihugu.

Prezida Obama amenyesha kw’ishirahamwe O-T-A-N, ribandanya gushimikira ku vyerekeye gufasha Reta n’inteko za Reta kwubahiriza umutekano mu gihugu.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe O-T-A-N, Jens Stoltenberg, avuga ko baganiye kandi ukugene ishirahamwe O-T-A-N rishobora kwongereza uburyo rufasha ibindi bihugu vyo mu karere qmu rugamba rw’ukurwanya umurwi witwa, Reta ya ki Islamu.

XS
SM
MD
LG