Uko wahagera

Abanyegeza Amatungo Yabo Bagiye Gukwirikiranwa


Panama Papers

Panama Papers

Amareta y’ibihugu vyo mu bice bitandukanye vyo kw’isi yiyemeje guhiga abantu batunze canke bakomeye buguruye amakonte mu mabanki mu mahanga kugira benyegeze amatungo yabo canke birinde kuriha amatagisi.

Iyo ibaye inyishu inyuma ya raporo ikomeye cane y’abamenyeshamakuru bajejwe amatohoza.

Maggie Murphy wo mw’ishirahamwe rijejwe kurwanya ibiturire, "Transparency International", avuga ko babona ko vyorohera cane abantu bashaka kunyegeza amazina yabo gushiraho amashirahamwe akoreshwa mu kunyegeza amatungo mu mahanga.

Abategetsi b’igihugu c’Uburusiya bariyamirije ivyatohojwe muri raporo y’abamenyeshamakuru bagira amatohoza.

Bavuga ko iyo raporo yari igenewe perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin.

Batangaza ko abategetsi b’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire n’ibiro bijejwe iperereza vya Reta zunze ubumwe z'Amerika, CIA bafashije kwihweza inzandiko imiliyoni cumi cumwe n’ibihumbi amajana atanu ishirahamwe Mossack Fonseca ryo muri Panama ryashize ahabona.

Raporo yasohotse ivuga ko abakorana na Perezida Putin bayegeje hafi imiliyaridi zibiri z’amadolari mu makonte ari mu mabanki yo mu mahanga mu kiringo c’imyaka itari mike.

Amareta y’ibihugu mu bindi bice vyo kw’isi yarihutiye gutanguza amatohoza ku bantu bashobora kuba banyegeje amatungo yabo mu mahanga kugira ntibatange amatagisi mu bihugu vyabo.

XS
SM
MD
LG