Uko wahagera

Urusasu Rwumvikanye mu Mujyi wa Brazzaville


Igipolisi ku murwa mukuru wa Repubulika ya Congo, carasanye n’abantu bitwaje ibirwanisho bikomeye batamenyekanye.

Niryo ruhagarara rukomeye rwa mbere rubaye kuva Perezida Denis Sassou Nguesso asubiye gutorwa.

Ukwo kurasana kwadutse uno musi ku wa mbere mu bice vya Bacongo na Makeleke mu bumanuko bw’umurwa mukuru, Brazzaville hafi y’isaha icenda z’ijoro mu masaha yaho. Ukwo urasana kwabandanije gushika mu masaha yo mu gitondo.

Ku bw’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters, reta imenyesha ko abaantu bitwaje ibirwanisho bateye ikibanza c’igisirikare, ivyicaro bitatu vy’igipolisi n’ibiro vy’umukuru w’igisagara ca Brazzaville.

Reta itangaza ko iriko iratohoza isano rishobora kuba riri hagati y’ivyo bitero n’abatavuga rumwe na Reta.

Perezida Sassou Nguesso yasubsiye gutorwa mu mabanya y’ukuyobora igihugu mu matorea yo kw’italiki mirongo ibiri z’ukwezi kwa gatatu.

XS
SM
MD
LG