Uko wahagera

Iraki: Drone Yishe Umurwanyi Akomeye wa ISIS


Drone y'igisirikare c'Amerika

Drone y'igisirikare c'Amerika

Igisirikare c’Amerika kimenyesha ko drone zaco ziri muri Iraki zishe umurwanyi akomeye wa Leta ya Kiyisilamu yagirizwa kurasa roketi yishe umusirikare w’umu marine w’Amerika mu kwezi guheze.

Umuvigizi w’inteko zirongowe n’Amerika ziriko zirwanya umugwi wa Leta ya Kiyisilamu Kolonel Steve Warren, yamenyesheje ko ku musi wa mungu drone yishe uwo murwanyi Jasim Khadijah, yahoze ari intwazangabo mu gisirikare ca Iraki kandi yari karuhariwe mu gutera ibisasu vya roketi.

Ico gitero cahitanye kandi abarwanyi batanu b’umugwi wa leta ya Kiyisilamu.

Warren amenyesha ko Khadijah ariwe yateguye irungikwa ry’igisasu ca roketi cishe umusirikare w’Amerika w’ipete rya Sereja, Louis Cardin, gikomeretsa abandi ba Marine 8 ahitwa Makhmur mu buraruko bwa Iraki mu kwezi guheze.

XS
SM
MD
LG