Uko wahagera

Kameruni: Kwiyamiriza Paul Biya Birabandanya


Perezida wa Kameruni Paul Biya
Perezida wa Kameruni Paul Biya

Abatavuga rumwe na leta muri Kameruni barabandanya guhangana n’abapolisi mu myigaragamvyo yo kwiyamiriza ko umugambwe uri k’ubutegetsi utunganya amatora hataragera.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi biyamiriza ko Perezida wa Kameruni Paul Biya yongera kwitoza kuko ngo ashaka kuguma k’ubutegitsi ubuzima bwiwe bwose.

Perezida Biya amaze imyaka 34 k’ubutegetsi.

Benshi mubigaragamvya barakomerekejwe n’igipolisi abandi barahagarikwa n’ubutegetsi kuva iyo migumuko itanguye k’umusi wa kabiri uheze.

Perezida Biya yahinduye ibwirizwa nshingiro mu mwaka w’2018 akuramwo ibiringo umukuru w’igihugu amara k’ubutegetsi.

Manda yiwe iherana n’umwaka w’2018. Abatavuga rumwe na leta bakeka ko Biya afise umugambi wo kwongera guhindura ibwirizwa nshingiro.

XS
SM
MD
LG