Uko wahagera

Ububiligi: Ikibuga ca Zaventem Carafunguye


Ku Kibuga c'Indege c'i Buruseli

Ku Kibuga c'Indege c'i Buruseli

Mu Bubiligi, indege zasubiye kuguruka ivy’agategano zivuye ku kibuga c’indege c’I Buruseli kur’uyu wa mungu.

Bibaye mu gihe hari haheze indwi zishika zibiri uruja n’uruza rw’indege rwarahagaritswe bivanye n’ibitero vy’iterabwoba vyahitanye abashika 32 bisambura n’ikibanza ingenzi zirorerermwo imbere y’ugufata indege.

Uwurongoye ikibuga c’indege c’I Buruseli Arnaud Feist yatangaje ko bakiri mu bikorwa vyo gusanura ivyononekaye no gutunganya gushasha ibijanye no gucungera umutekano.

Amenyesha ko batanguye gukora ivy’agateganyo, ko hagisigaye amezi kugira indege zose zahora zigwa canke ziva kur’ico kibuga c’indege c’ I Buruseli zongere kugikoresha.

XS
SM
MD
LG