Uko wahagera

Kworohereza Ibihano Irani Yafatiwe Biteye Amakenga


Umukuru w'inama nshingamateka ya Amerika, Paul Ryan
Umukuru w'inama nshingamateka ya Amerika, Paul Ryan

Abashingamateka bo mu mugambwe w’Abarepublika muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika bariko barerekana impungenge ku makuru yuko Reta ya perezida Obama iriko yiyumvira kworosha ibihano vyafatiwe igihugu ca Irani mu bijanye n’amafranga.

Abategetsi ba Amerika bavuga kw’ico kibazo kiriko kiganirwa mu bushikiranganji bujejwe ikigega. Yamara nta ngingo irafatwa.

Umukuru w’inama nshingamateka ya Amerika, Paul Ryan avuga kw’ayo makuru ateye amakenga bikomeye cane.

Ryan avuga ko Irani ibandanya kugeramira amasezerano ku birwanisho ruhonyanganda yateyeko igikumu mu kugerageza misile balistike. Avuga ko Reta ya perezida Obama yoheba ico ciyumviro.

Bamwe mu Bademokarate nabo nyene berekanye impungenge kuri ico kibazo.

XS
SM
MD
LG