Uko wahagera

Kugabanya Ibirwanisho Ruhonyanganda Bishobora Gufasha Kurwanya Iterabwoba


Icegera c'umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika ku bibazo vyerekeye akarere k'Ubulayi na Asiya,Thomas Countryman
Icegera c'umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika ku bibazo vyerekeye akarere k'Ubulayi na Asiya,Thomas Countryman

Abategetsi bakomeye ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika bavuga ko bibabaje kubona Uburusiya bwahisemwo kutitaba inama ku mutekano ku bijanye n’ibirwanisho ruhonyanganda n’ubuhinga bwa nucleaire.

Yamara abategetsi ba Reta ya Amerika bazobandanya ibiganiro n’abategetsi b’Uburusiya mu rugamba rw’ukurwanya iterabwoba rishobora gukoresha ibirwanisho ruhonyanganda, n’akigoro k’ugukuraho uranium ihinguye cane iri mu bubiko mu makungu.

Icegera c’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Thomas Countryman, yavuze uno musi ku wa gatanu ko Amerika n’Uburusiya biriko bishira mu ngiro amasezerano y’ukugabanya ibirwanisho ruhonyanganda biri mu bubiko mu buryo bwose bushoboka.

Mu mwaka w’i 2018, ivyo bihugu bibiri bizogabanya ibirwanisho ruhonyanganda vyavyo ku bice mirongo umunani kw’ijana, bivuye ku rugero rw’ivyo birwanisho mu gihe imishamirano yari ikomeye cane hagati yavyo.

Icegera c’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Thomas Countryman, avuga kw’ivy’uko abagira iterabwoba bashobora kuronka ubuhinga bushobora gukoreshwa mu gukora ibirwanisho ruhonyanganda n’ikibazo cashimikiweko ku musi wa gatanu mu manama y’ukurangiza ikoraniro ry’imisi ibiri ku mutekano ku bijanye n’ibirwanisho ruhonyanganda n’ubuhinga bwa nucleaire.

XS
SM
MD
LG