Uko wahagera

Rwanda: Ubutungane Bunumya Abatavuga Rumwe na Reta


Daniel Bekele, umuyobozi w'ishirahamwe, Amnesty International, mu karere ka Afrika
Daniel Bekele, umuyobozi w'ishirahamwe, Amnesty International, mu karere ka Afrika

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Human Rights Watch, mw’itangazo ryasohoye uno musi ku wa gatanu, rimeneysha kwagirwa n’ivyaha kw’abahoze ari abasirikare bakuru mu Rwanda mu rubanza rurimwo amahinyu ari akarorero k’ikoreshwa nabi ry’ubutungane mu mugambi w’ukugeramira ubwigenge bw’ugushikiriza ivyiyumviro.

Kw’italiki 31 z’ukwezi kwa gatatu, mu mwaka w’i 2016, sentare nkuru y’igisirikare y’i Kanombe yaciriye Colonel Tom Byabagamba na Jenerali, Frank Rusagara yafashe akaruhuko ko mu za bukuru, imyaka mirongo ibiri n’umwe n’imyaka mirongo ibiri mu munyororo. Bagirijwe ko bakokeje umugumuko kandi batosekaje isura y’igihugu.

Sergeant Francois Kabayiza, yafashe akaruhuko ko mu za bukuru, yaciriwe umunyororo w’imyaka itanu yagirizwa guhisha ivyemezo.

Abo bantu uko ari batatu batangaje ko bazokwunguruza.

Daniel Bekele, umuyobozi w’ishirahamwe, Human Rights Watch mu karere ka Afrika avuga kw’abategetsi b’Urwanda bafise uburenganzira bw’ugukwirikirana abakoze mu vy’ukuri vyaha bigeramira umutekano, ngo yamara ku veyerekeye abo bantu batatu bahoze ari abasirikare n’ibigaragara kw’ubutungane bwakoreshejwe kugira binumye abanebagura ivyo Reta ikora canke imigambi yayo.

Asaba abategetsi ba Reta by’Urwanda gutohoza badatevye ivyagirizo vy’ugufata abantu bunyamaswa n’ukujuragiza ivyabona, hamwe n’ugushira imbere y’intahe abakoze ayo mabi.

Izo manza za nyuma ziri mu manza zitari nke z’abahoze ari abanywanyi canke bashigikiye umugambwe uri ku butegetsi, Rwandan Patriotic Front.

Ishirahamwe, Human Rights Watch rimenyesha ko biri mu mugambi wa Reta y’Urwanda w’ugukandamiza abanebagura Reta canke bikekwa ko bakorana n’imirwi y’abatavuga rumwe na Reta bari mu gihugu no hanze y’igihugu.

XS
SM
MD
LG