Uko wahagera

Guinee: Abantu 800 Bakingiwe Ebola


Abantu bagera ku majana umunani mu gihugu ca Guinee barakingiwe Ebola mu ndwi iheze.

Muribo, harimwo abantu ijana na mirongo umunani na babiri babonwako bashobora kwandura iyo ndwara kurusha abandi kubera bashobora kuba begeye abantu banduye iyo ndwara.

Ivyo bitangazwa n’ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, O-M-S.

Muri rusangi, ibiro vy’ishirahamwe O-M-S muri Guinee bimenyesha kw’abantu barenga igihumbi bashobora kuba baregeye abantu banduye Ebola bamenyekanye. Barakwirikiranywe n’abajejwe ubuvuzi.

Ishirahamwe O-M-S, ririko rishira mu ngiro umugambi w’ugucandaga abantu bose bagereye abantu bafise Ebola.

Ishirahamwe O-M-S ririko rifasha abaganga n’abakwirikirana indwara ya Ebola hamwe n’abajejwe gutanga inyigisho ku vyerekeye iyo ndwara muri Guinee.

Ugusubira kwiyadukiza kwa Ebola guherutse kuba muri Guinee kwibonejeke mu bantu umunani n’abantu indwi bahitanywe n’iyo ndwara kuva mu kwezi kwa kabiri.

Bwari ubwa mbere ivyo biba kuva ishirahamwe, O-M-S ritangaje ko Ebola itakirangwa muri Guinee kw’italiki 29 z’ukwezi kw’icumi na kabiri, mu mwaka w’i 2015.

XS
SM
MD
LG