Uko wahagera

Amerika Irababazwa N'urupfu rwa Bihozagara


Leta zunze ubumwe z’Amerika imenyesha ko ihangayikishijwe n’ubuzima bw’imbohe ziri mu mabohero mu Burundi.

Mw’itangazo yasohowe kuwa kane, Amerika imenyesha ko yababajwe n’urupfu rwa Jacques Bihozagara, yahoze aserukira u Rwanda mu makungu kandi akaba yahoze ari umushikiranganji mu gihugu c’uRwanda

Jacques Bihozagara yafashwe n’inzego z’umutekano z’uBurundi mu mwaka kuva mu kwezi ka cumi na kabiri umwaka w’2015.

Amerika imenyesha ko urupfu rwa Bihozagara rubaye mu gihe hari amakenga k’ukuntu abanyororo bafatwa kandi ni mugihe hari ama raporo yemeza ko hama hafashwe abantu agasakisaki, abandi bakaborezwa igufa mu gihe abandi baba bafashwe n’inzego z’umutekano baburwa irengero ryabo.

Mur’iryo tangazo, Amerika isaba leta y’uBurundi kureka abahinga bigenga hamwe n’indorerezi z’ibiro vya ONU, iz’Ubumwe bwa Afirika bajejwe agateka ka muntu bakaja kuraba uko vyifashe mu mabohero hatibagiwe gutohoza ku vyagiriji vy’ihonyangwa ry’agateka ka muntu rivugwa mu Burundi.


XS
SM
MD
LG