Uko wahagera

O-N-U: Ifatwa ku Nguvu ry'Abapfasoni n'Abigeme Riteye Isoni


Umutegetsi mukuru ajejwe agateka ka muntu mw'ishirahamwe, O-N-U, Zeid Ra'ad al Hussein
Umutegetsi mukuru ajejwe agateka ka muntu mw'ishirahamwe, O-N-U, Zeid Ra'ad al Hussein

Umutegetsi mukuru ajejwe agateka ka muntu mw’ishirahamwe O-N-U, Zeid Ra’ad al-Hussein, yatangaje uno musi ku wa kane kw’ivyagirizo bishasha vy’ugufata abapfasoni n’abigeme ku nguvu bigirwa n’abasirikare b’ishirahamwe O-N-U n’abasirikare b’Ubufransa biteye isoni cane.

Amenyesha kw’ico kibazo kizotohozwa neza.

Itohoza ry’ishirahamwe O-N-U kuri ivyo vyagirizo kw’ifatwa ku nguvu ry’igitigiri kinini abapfasoni n’abigeme ritegerezwa kuba ata kibazo na kimwe gisigaye inyuma. Amenyesha ko badafata minenerwe na gato ivyo vyagirizo.

Avuga ko ari nkenerwa cane kw’abageramiwe n’iyo nyifato igayitse bakingirwa, bagafashwa mu buryo bwose bushoboka.

Ishirahamwe, AIDS-Free World, rikorera muri Amerika, rikwirikirana ifatwa ku nguvu ry’abapfasoni n’abigeme bikorwa n’inteko zijejwe gucungera umutekano , rimenyesha kw’abigeme batatu babwiye umutegetsi ajejwe agateka ka muntu w’ishirahamwe O-N-U kw’umutegetsi akomeye w’umusirikare w’igihugu c’Ubufransa yabasavye hamwe n’uwundi mwigeme agira kane, gukura impuzu, abategekai kugirana imibonano mpuzabitsina n’imbwa mw’ikambi y’igisirikare.

Ku bw’iryo shirahamwe, inyuma yuko bagiranye imibonano mpuzabitsina n’imbwa, yabahaye amadolari icenda.

Umwigeme agira kane yaritavye Imana inyuma yaho ahitanywe n’indwara itamenyekanye.

Muri rusangi, abapfasoni n’abigeme bakorewe amabi n’abasirikare bajejwe gucungera umutekano 108 barabajijwe ibibzo n’abajejwe itohoza b’ishirahamwe O-N-U.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe O-N-U, Ban Ki-moon yaraguye mu gahundwe yumvise ivyo vyagirizo.

Vyinhsi muri ivyo vyagirizo vyerekeye inteko z’ishirahamwe O-N-U ziva mu Burundi na Gabon, zari mu ntara ya Keomo muri Centrafrique, hagati y’umwaka w’i 2013 n’umwaka w’i 2015, hamwe n’inteko z’Ubufransa zari muri ako karere nyen

XS
SM
MD
LG