Uko wahagera

Ubuhindi: Ikiraro Cyasenyutse i Calcuta


Ikiraro cariko kirubakwa mu gisagara ca Calcuta mu buseruko bw’igihugu c’Ubuhindi, casenyutse uno musi ku wa kane. Abantu cumi na bane bahasize agatwe mu gihe abandi batari bake bakomeretse.

Ibikorwa vy’ukurondera n’ugutabara biriko biraba kugira abagira ivyo bikorwa bashikire abantu babonwa ko bafatiye musi y’ibisigarira vy’ico kiraro.

Imirwi y’abajejwe gutabara n’abasirikare batumweko kugira bafashe mu gikorwa c’ugutabara.

Imbere yuko bashika, ababa mu kararere ka Calcuta n’abajejwe kurwanya imiriro bagerageje gutabara abafatiye mu bisigarira vy’ico kiraro casenyutse bakoresheje imiwe.

Ivyabona bavuga ko igitigiri kitari gito c’abantu n’imodoka harimwo amabisi abiri yari atwaye abantu barenga ijana n’amatagisi atari make vyari musi y’ico kiraro igihe casenyuka. Abakozi bariko bubaka ico kiraro, bari bafise ikiringo gitoyi kugira bagiheraheze.

Akarere ico kiraro cayenyukiyemwo, mu gice kigirirwamwo imirimo ikomeye y’ubudandaji n’uruja n’uruza rukomeye, vyatumye igikorwa c’ugutabara cikwega

XS
SM
MD
LG